『Wiriwe Maine』のカバーアート

Wiriwe Maine

Wiriwe Maine

著者: WMPG
無料で聴く

A Kirundi/Kinyarwanda-language news program produced by Amjambo Africa.Copyright WMPG 社会科学
エピソード
  • IBIHUGU BIHAMAGARIRWA KUBAHIRIZA AMATEGEKO AGENGA IMPUNZI N-ABIMUKIRA
    2026/06/28
    Itariki ya 20 ukwezi kwa gatandatu uko umwaka utashe kuva muri 2001, isi ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi n-abimukira. Eka n'ukwezi kwa gatandatu kwititirwa ukwezi ko kwibuka uburenganzira n'ukwihangana kwabo. Uyu mwaka , uwo musi n;uko kwezi bishitse impunzi n-abimukira kw-isi basugerejwe n'ibibazo bitandukanye harimwo uguhamwa, ukwirukanwa , ukubura imfashanyo n'ibindi vyinshi. Kugira dutahure iki kibazo hamwe n-umuti waco, mu kiganiro " Wiriwe Maine" twatumiye Léopold Sharangabo, umukuru w'ishirahamwe CDH/VICAR rikorera ku bibazo vy'impunzi.

    続きを読む 一部表示
    48 分
  • IMPUNZI NI ABANTU NK-ABANDI BAKWIYE KWUBAHWA
    2026/06/07
    Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 7 ukwezi kwa gatandatu umwaka wa 2026. Muri kino kiganiro twabazaniye umupfasoni Marguerite Barankitse, Umurundikazi azwi cane ku mazina y'ubuhizi nka OMA canke Maggy. Kuwa 17 ukwezi kwa gatanu guheze, yaronkejwe impamyabushobozi y'ubunyacubahiro na Kaminuza y-Abakatolika yitwa Notre Dame yo mu muji wa South Bend muri Reta ya Indiana, muri Amerika. Ni kimwe mu bigo vya kaminuza bikomeye cane muri Amerika. Marguerite Barankitse yahunze igihugu ciwe muri 2015 mbere akaba aronderwa n'ubutungane bw-Uburundi bwamuciriye uwo guherayo adahari bumaze kumunyaga ivyiwe vyose, yemeza ko ataco bimutwaye. Gusa aremeza ko kubaho atagira igihugu ari ikintu kibi, atari kuri we gusa ahubwo kuri buri kiremwa muntu.

    Muri kino kiganiro na Eloge Willy Kaneza yamusanze kuri Notre Dame, arashimangira ikintu muri kino gihe gihanze canke cugarije isi: ugukumira abimukira n;impunzi no kubafata bunyamaswa. Agira ati" Impunzi ni Abantu nk-Abandi bakwiye kwubahwa."
    続きを読む 一部表示
    43 分
  • MARGUERITE BARANKITSE- MERE TEREZA WO MURI AFRIKA
    2026/05/17
    Kuri uyu w'Imana twashimye kongera kugarura ikiganiro twakoranye na Marguerite Barankitse, mu kwezi kwa kane umwaka wa 2025. Uwo mukenyezi w'Umurundikazi yacitse rurangiranwa kubera ibikorwa vy'ubutabazi akora , muri kino gihe cane cane mu gisata co gufasha impunzi, kuri uyu wa Mungu ari mu bantu indwi baronswa impamyabushobozi y'iteka na kaminuza ya Notre Dame yo muri Leta ya Indiana muri Amerika.

    Marguerite Barankitse, azwi nk’Umumarayika w’i Burundi canke Mère Teresa wa Afrika, ni umukenyezi azwi cane mu bikorwa vy’imbabazi no gutabara abatishoboye muri Afrika. Yavutse mu 1957 mu ntara ya Ruyigi, mu buseruko bw’u Burundi. Uwo mugore w’umu Kristu akomoka mu bwoko bw’Abatutsi yahariye ubuzima bwiwe gukingira abana bagizweko ingaruka n’intambara zishingiye ku bwoko n’ivyiyumviro vya poritike mu gihugu ciwe.
    Mu 1993, igihe Uburundi bwadukamwo intambara n’ubwicanyi vyakurikiye iyicwa rya Perezida Melchior Ndadaye, Umuhutu wa mbere yaratowe mu kibanza c’umukuru w’igihugu akicwa inyuma y’amezi atatu gusa atwara, umukenyezi Barankitse yabonye n’amaso yiwe ubwicanyi bwabereye muri diyoseze ya Ruyigi. Yabashije gukiza abana 25 bari bagiye gupfa. Ico gikorwa catanguje Maison Shalom, ikimenyetso c’amahoro no kwiyunga. Mu myaka yose yakurikiye, ico kigo caritayeho, caravuye kandi carigishije abana barenga 47.000, ata gutandukanya ubwoko. Amashure, amavuriro, amazu, n’amashirahamwe yo kwigisha kwiziganiriza vyarubatswe biciye ku buyobozi bwiwe.
    Kubera ibikorwa vyiwe vy’akaroruhore, yarashimiwe n’ibigo mpuzamakungu bitandukanye, harimwo ibi bihembo bikomeye:
    • Agashimwe k’Uburenganzira bwa muntu (Ubufaransa, 1998)
    • Agashimwe k’Amajepfo n’Amajyaruguru k’Inama y’Uburayi (2000)
    • Agashimwe k’Abana bo kw’isi yose (2003)
    • Agashimwe ka Nansen k’impunzi (HCR, 2005)
    • Agashimwe ka Opus (2008)
    • Agashimwe k’ukurwanya amakimbirane – Fondasiyo Chirac (2011)
    • Agashimwe k’Aurora ko Gukangura Ubumuntu (2016)
    Mu 2015, amaze kunegura ikiringo ca gatatu ca Perezida Pierre Nkurunziza, yaciye ahungira hanze. Mu Rwanda ahaba, yagumije ibikorwa vyiwe, ashinga Ikigo c’Umuryango w’Amahoro i Kigali – ahakirirwa, higishirizwamwo kandi havurirwamwo impunzi z’Abarundi.
    Vyongeye, yatanguje Fondasiyo Marguerite Barankitse, igamije guteza imbere impunzi no gushigikira imigambi y’amahoro, ubutungane n’iterambere rirama.Naho hari itegeko mpuzamakungu ryatanzwe ngo atabwe muri yompi n’ubutungane bw’i Burundi, ntivyigeze bimutera ubwoba canke ngo bimuce intege mu migambi n’imigabo vyiwe. Marguerite Barankitse ni ishusho y’icizere ku bantu bariko barababara, kandi ni n’igicapo c’urukundo, ubutungane, ubuntu n’icubahiro muri kubu na kazoza.
    続きを読む 一部表示
    1 時間 11 分
adbl_web_anon_alc_button_suppression_t1
まだレビューはありません