IMIKORERE YA ICE IKOMEJE KWAMAGANWA MURI MAINE
カートのアイテムが多すぎます
ご購入は五十タイトルがカートに入っている場合のみです。
カートに追加できませんでした。
しばらく経ってから再度お試しください。
ウィッシュリストに追加できませんでした。
しばらく経ってから再度お試しください。
ほしい物リストの削除に失敗しました。
しばらく経ってから再度お試しください。
ポッドキャストのフォローに失敗しました
ポッドキャストのフォロー解除に失敗しました
-
ナレーター:
-
著者:
Muri iki kiganiro, turagaruka ku kibazo c'imikorere y'Igipolisi kijejwe abinjira n'abasohoka muri Amerika, ICE (U.S. Immigration and Customs Enforcement).
Ku wa 7 uku kwezi kw'indwi, umwimukira akomoka muri Mexique yararashwe n'abakozi ba ICE mu gisagara ca Houston, muri Reta ya Texas. Hanyuma, ku wa 13 uku kwezi nyene, uwundi mwimukira akomoka muri Colombie na we yararashwe mu gisagara ca Biddeford, hano muri Reta ya Maine.
Izo mpfu zose zibiri zatumye haba inyifato zitandukanye. Ku ruhande rumwe, ubutegetsi bwa Amerika bwafashe ingingo zijanye n'itohoza ry'ivyo vyabaye. Ku rundi ruhande, amashirahamwe aharanira uburenganzira bw'abimukira n'impirimbanyi bakomeje imyiyerekano n'ubukangurambaga bwo kwamagana ibikorwa vya ICE.
Kugira dutahure neza ico ICE ari co, ingene ikora, ico izi mpfu zishobora kuvyara muri politike y'ibibazo vy'abimukira, na canecane ingaruka zishobora kugira hano muri Reta ya Maine, twatumiye umusesanguzi Jean Hakuzimana, asanzwe arongoye umugambi wo gutuza no gufasha abimukira muri imwe muri reta zo muri Amerika.
Iki kiganiro mushikirizwa na Eloge Willy Kaneza.
Murakoze kuduhitamwo.
adbl_web_anon_alc_button_suppression_t1
まだレビューはありません