エピソード

  • Ninde vyukuri atwara Australiya, woba ufise ikibanza icahe | Ingene Australiya ikora
    2026/09/22
    Woba uzi uwoshobora kugufasha igihe ukeneye uruhusha rwo gutangura kwikorera utwawe, ufise ikibazo kijanye nokuriha inzu ubamwo canke ukeneye imfashanyo yo gufasha umuryango wawe? Biciye mu ntahe za Fedele, Carol na Abeer, tahura ingene inzego zitatu z’ubutegetsi bwa Australiya zikora. Menya ico ubutegetsi bw’akarere (local government), ubwa reta (state ari nayo territory government), n’ubw’igihugu (federal government) bujejwe gukora, hamwe n’aho wokwitura kugira uronke amakuru, imfashanyo canke serivisi ukeneye.

    How Australia Works ni urukwirikane rwikiganiro ca SBS gikoresha intahe n’insiguro zoroshe kugira igufashe gutahura ingene ubutegetsi bwa Australiya bukora, ingene amategeko ashirwaho canke ahindurwa, hamwe n’ingene nawe ushobora gushikiriza iciyumviro. Niwumvirize uru rukurikirane rwose, kandi uronke n’incamake z’ibiganiro mu ndimi 60 zitandukanye uciye kuri How Australia Works.
    続きを読む 一部表示
    10 分
  • Waramaze kuba uwaha | Ingene Australiya ikora
    2026/09/22
    Inzego za reta za Australiya, amategeko n’ibikorwa vya reta vyoba bigira gute ingaruka mubuzima bwawe bwa minsi yose? Biciye mu ntahe, iki gice gitangura curukurikirane rwibiganiro vyabaye kirakwereka aho wokura amakuru n’imfashanyo igihe ubikeneye, hamwe n’ingene wobaza ivyerekeye ingingo yafashwe.

    How Australia Works ni urukwirikane rwikiganiro ca SBS gikoresha intahe n’insiguro zoroshe kugira igufashe gutahura ingene ubutegetsi bwa Australiya bukora, ingene amategeko ashirwaho canke ahindurwa, hamwe n’ingene nawe ushobora gushikiriza iciyumviro. Niwumvirize uru rukurikirane rwose, kandi uronke n’incamake z’ibiganiro mu ndimi 60 zitandukanye uciye kuri How Australia Works.


    続きを読む 一部表示
    5 分
  • Woba utinya urushinge? Ubushakashatsi bushobora kurangiza ibipimo bikorwa harinze kuvomwa amaraso
    2026/06/12
    Patrick Rufangura ariko ararangiza ivyirwa vyiwe vya PhD kuri kaminuza imwe muri Sydney, yakoze ubushakashatsi bushobora guhindura amateka y'isi mw'isuzumwa ry'indwara harinze gufatwa amaraso. Ng'uku uko yabisiguye.
    続きを読む 一部表示
    12 分
  • Orphan Relative Visa: Ni nde yoyisaba?
    2021/11/26
    Iyo visa ihabwa impfumvyi izwi nka Orphan Relative visa (subclass 117) n'imwe muri visa abimukira bashaka kuba muri Australia bosaba. Ariko ikibazo ni, Ni nde yemerewe kuyisaba? Asabwa iki?
    続きを読む 一部表示
    9 分
  • Uko utegura umusi niko wabwirizwa gutegura ijoro, wobigenza gute?
    2021/11/22
    Mu gihe ingingo zo kurwanya COVID-19 zakuweho, bamwe batekewe n'ubwoba bwo gusubira mu buzima busanzwe. Menya bimwe ukwiye kwirinda kugira ngo udahava usanga wuzuranye ifaranga, ukabura abawe.
    続きを読む 一部表示
    11 分
  • A.T.M JEFF yahishuye ibanga ryamufashije igihe yagira isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe
    2021/11/19
    Inyuma y'umwana urenga umuririmvyi A.T.M JEFF adakora cane, uwo muririmvyi arahishura ingene umuziki wamufashije mu gihe yari yataye ivyizigiro vyo kuririmba inyuma y'isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe.
    続きを読む 一部表示
    10 分
  • Igisata c'ubuvuzi cigenga kirageramiwe muri Australia
    2021/11/14
    Abakiri bato mubanye Australia babandanya bisokora murico gisata ku rugero ruteye amakenga. Ivyo bikaba vyatumye ababijejwe eka n'amashirahamwe yandi guhamagarira reta ngo ikore ibishoboka ico gisata gihurumbirwe.
    続きを読む 一部表示
    6 分
  • Amategeko y'ibarabara atazwi kandi umuntu wese muri Australia akwiye kumenya
    2021/11/13
    Wari uzi yuko wotozwa ihadabu muri Tasmania kubera gukoresha GPS kuri terefone yawe uri mu ngendeshwa. Turabashikiriza amategeko y'ibarabara atazi ariko yogufasha kwirinda kwica amategeko mu ma barabara yo muri Australia.
    続きを読む 一部表示
    11 分