『ICO URI Hamwe N’ICO WAREMEWE | Umusi wa 4: UMUSUMA YITWA COMPARAISON』のカバーアート

ICO URI Hamwe N’ICO WAREMEWE | Umusi wa 4: UMUSUMA YITWA COMPARAISON

ICO URI Hamwe N’ICO WAREMEWE | Umusi wa 4: UMUSUMA YITWA COMPARAISON

無料で聴く

ポッドキャストの詳細を見る

このコンテンツについて

Dusomere hamwe:'Umwe wese yari akwiye kwisuzuma mu bikorwa vyiwe, kugira ngo asanze yakoze neza bimushimishe, ariko ntabanze kwigereranya n’abandi.' Ab’I Galatiya 6:4


Ndakuravye mu maso: Uriko urigereranya n’abo ubona kuma reseau sociaux, ndabeshe?Uwo ni umutego bireke, kuko uko wigereranya n’abandi niko uguma wibona ko bakuruta ukibagira ubunini bwawe. Ivyo ni nko kubwira Imana ngo: Mana wewe warihenze kwl, iyo undema nka naka. Oyaa Ntiyihenze! Uko usa, ibikugize, igituma ureha uko ureha, igituma wavukiye aho wavukiye, Vyose biri mu mugambi mwiza wayo ku buzima bwawe.


Ukumva ugira usubire kugwa muri uwo mutego, ca ubanza ugire pause hama wibwire uti: Ndisa kandi birakwiye!


Dusenge: Mana, mfasha kudasubira kugwa muri uwu mutego wo kwigereranya n’abandi, nyigisha kunezerererwa ubu buryo bwiza wandemyemwo. Mw’izina rya Yesu Kristo, Amen!

ICO URI Hamwe N’ICO WAREMEWE | Umusi wa 4: UMUSUMA YITWA COMPARAISONに寄せられたリスナーの声

カスタマーレビュー:以下のタブを選択することで、他のサイトのレビューをご覧になれます。